Abishwe na Cholera Bageze kuri 21 muri Zimbabwe

Igipolisi c’igihugu ca Zimababwe catangaje ko hafashwe ingingo yo kubuza abantu benshi gukoranira mu kibanza kimwe ku murwa mukuru Harare, mu ntumbero yo kugabanya ubwandure bw’ikiza ca Cholera, kimaze guhitana abantu 21.  Umuvugizi w’igipolisi, Charity Charamba yatangaje uyu musi ku wa gatatu kw’iyo ngingo ifise umugambi wo guhagarika ikiza ca Cholera ku murwa mukuru Harare, Reta imaze gufatira ingingo zo mu bihe bigoye igihugu.  Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu Obadiha Moyo nawe, uyu musi ku wa gatatu, yavuze kw’abantu bamaze kwandura umugera w’ico kiza, bashika ku 3067, bavuye ku 2000 bari bamaze gutorwamwo ico kiza ejo ku musi wa kabiri.  Mu bantu bahitanywe n’ico kiza mu misi iheze, harimwo umuyobozi w’ishule hamwe n’abanyeshule babiri muri karitiye yo mu micungararo y’umurwa mukuru, ari nayo irangwamwo ahanini ico kiza. Moyo yavuze kw’ishule ryo mur’iyo karitiye ryamaze kwugarwa.

from Voice of America https://ift.tt/2OfOe2i
via IFTTT

No comments:

Post a Comment