Reta ya Zimbabwe yarahije, uno musi ku wa gatatu, abashingamateka bashasha inyuma y’amatora yo mu kwezi kw’indwi. Umugambwe uri ku butegetsi, ZANU-PF ufise bibiri vya gatatu vy’ibibanza mu nama nshingamateka. Ivyo bibanza birahagije kugira ZANU-PF ushobore guhindura ibwirizwa shingiro. Umugambwe ZANU-PF watsindiye ibibanza 145 ku bibanza 210 mu nama nshingamateka. Ivyo bibanza birarenga bibiri vya gatatu bikenewe mu ntumbero y’uguhindura ibwirizwa shingiro. Umugambwe utavuga rumwe na Reta, Movement for Democratic Change, MDC, mu mpfunyapfunyo, waronse ibibanza 63 mu gihe abigenga batsindiye ibibanza 2. Guhindura ibwirizwa shingiro bisaba bibiri vya gatatu vy’abagize inama nshingamateka n’inama nkenguzamateka. Inama nkenguzamateka ya Zimbabwe igizwe ahanini n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi, ZANU-P. Umuhinga mu vya politike, Earnest Mudzengi, avuga ko umugambwe ZANU-PF ushobora gukora ivyo ushaka biri mu nyungu yawo n’ukuguma ku butegetsi.
from Voice of America https://ift.tt/2NkkXpZ
via IFTTT
No comments:
Post a Comment