Perezida wa Amerika Donald Trump yashitse I Paris mu Bufaransa kuri uno musi wa kane. We na mugenzi we Prezida Emmanuel Macron bagiye kuganira ku migambi yo kugwanya iterabwoba. Haciye umwaka Perezida Trump avuze kw’igisagara ca Paris kirimwo akajagari kenshi mumutekano waco kandi ko hateye ubwoba, kubera hagirigwayo ibitero vy’iterabwoba. Mu misi ya vuba naho, Trump yavuze ko ibitero vy’umugwi uharanira Reta ya Kiyislamu muri ico gisagara, vyagabanuye agaciro kaco kubijanye naho cari kiri kurutonde rw’ibisagara vyo kw’isi bigendegwamwo cane. Muri uyu mwaka wambere Prezida Trump na Macron bombi bashikiye kubutegetsi bw’ibihuvu vyabo, biramaze kugaragara ko bafise ivyiyumviro bitandukanye bijanye n’imigambi yo kugwanya ihindagurika ry’ibihe. Aho n’inyuma yaho Trump ashikiye kubutegetsi agakura Amerika mu masezerano y’I Paris yerekeye ugukingira ibidukikije. Naho biri ukwo, abo bategetsi babiri barafise bimwe bimwe bahurijeko, nko kugabanya abakozi b’amareta barongoye. Ikindi n’ukwo umutegetsi akomeye mubiro vya Prezida Trump, yavuzeko ubucuti hagati y’abo bakuru b’ibihugu buhagaze neza cane.
from Voice of America http://ift.tt/2tQ8wpW
via IFTTT
No comments:
Post a Comment