RDC: Igipolisi Capfunze Abashika 50 Bari mu Myiyerekano

Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo igipolisi cafashe abantu bashika kuri mirongo itanu m’uburaruko bushira ubuseruko bw’Igihugu, mu gihe hari imyiyerekano yatunganijwe n’umuhari w’urwaruka LUCHA. Abari mur’iyo myiyerekano basaba Reta gushira ahabona ikirangaminsi c’amatora, no gutunganya intonde z’abazotora, mur’uyu mwaka, nkuko biri mu masezerano. Abakoze iyo myiyerekano bari bugarije amabarabara makuru aja mu gisagara ca Goma, bakoresheje amabuye. Ahandi habaye imyiyerekano nk’iyo ni mu bisagara vya Bukavu, Butembo na Beni. Iyo myiyerekano ibaye inyuma y’iminsi mike Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rihamagariye Prezida Joseph Kabila gutunganya amatora imbere y’uko uyu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n'indwi uhera. Justin Muhirwa, umuvugizi w’umuhari LUCHA, usanzwe ufise abanywanyi bashika ku gihumbi, avuga ko umurwi CENI utegerezwa gutanga ikirangaminsi, ngo kuko gutora ar’uburenganzira bw’abanyagihugu. Prezida Kabila asanzwe yarahejeje ikiringo ciwe ca kabiri mu mpera z’umwaka uheze. Amasezerano ya politike, yateweko igikumu m’umwaka uheze akaba atamwemerera gusubira kwitoza, kiretse kurongora Igihugu gushika amatora atunganijwe.

from Voice of America http://ift.tt/2f3aDDm
via IFTTT

No comments:

Post a Comment