Perezida wa Venezuela Yakeje Ivyavuye mu Matora

Perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro avuga kw’amatora yabaye ejo ku musi wa mungu asaba inama nshingamateka gusubiramwo ibwirizwa shingiro, yabaye intzinzi y’akataraboneka. Yavuze kw’abayanyagihugu bitavye ayo matora, bagatinyuka insoro z’abagwanyi, bajabuka inzuzi, baduga imisozi, kugira ngo baje kwitorera inama nshingamateka y’igihugu. Abatavuga rumwe na reta mur’ico gihugu bavuze kw’iyo nigngo ishobora gutuma haba intwaro y’igitugu, kanatsinda bari bateye akamo abanya Venezuela, kabasaba  kutitaba ayo matora. Ibiro vyinshi vyo gutoreramwo ku murwa mukuru Caracas vyaragaragara. Ambassaderi aserukira Reta zunze ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu, Nikki Haley, yanditse ku kibanza Twitter candikirwako amakuru kw’ amatora ya Maduro yabayemwo amahinyuma menshi, ar’iyindi ntambwe mu nzira y’ubutegetsi bw’igitugu. Yavuze ko Amerika zitazokwemera reta iteye kubiri n’amategeko yayo. Yongera aratangaza ko Amerika ziri inyuma y’abanyagihugu bo muri Venezuela. Umurwi w’igihugu ca Venezuela ujejwe gutunganya amatora, uvuga kw’abanyagihugu barenga imiyoni  8, n’ukuvuga  abanyagihugu barenga 41% bakwije ibisabwa mu gutora, aribo bitavye ayo matora yabaye ku musi wa mungu, naho hari imyiyerekano ikomeye kandi n’amabarabara yari yazibiwe. Yamara abatavuga rumwe na reta bobo bavuga kw’abantu bari hagati y’imiliyoni zibiri n’imiliyoni zitatu ari bonyene bitavye ayo matora.

from Voice of America http://ift.tt/2uQp95b
via IFTTT

No comments:

Post a Comment