Abiyahuzi Bakoze Igitero kuri Ambasade ya Iraki i Kabul

Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu ca Afuganistani, bwemeje amakuru avuga kw’igikorwa c’abariko baragerageza gufata ibiro vya ambassade y’igihugu ca Iraki muri afghanistani, cahagaritswe inyuma y’amasaha ane urwo ruhagarara rwamaze. Ubwo bushikiranganji bwavuze kw’abajejwe umutekano barashe batatu mu bantu bari bateye ivyo biro, mu gihe umupolisi umwe ariwe yakomeretse, yamara ngo nta mukozi n’umwe wo muri ambassade yakomeretse Abagabo bane b’abiyahuzi bafise ibigwanisho bikomakomeye, bateye ibiro vya ambasade ya Iraki ku murwa mukuru wa Afuganistani uyu musi ku wa mbere. Umurwi w’intagondwa za Kisilamy ISIS watangaje mu kinyamakuru wama wakoresheje Amaq News Agency kw’ariwo wateguye ico gitero. Ubushikiranganji bw’igihugu ca Afuganistani bujejwe intwaro yo hagati bwatangaje kw’umwe mur’abo biyahuzi, yiturikirijeko ikibombe ageze ku rugi rukuru rwinjira mur’ivyo biro vya ambassade, hanyuma abo bandi biyahuzi baca binjira mu biro vya ambasade ya Iraki. Ibitero vy’abagizi ba nabi ku murwa mukuru Kabul, biramaze guhitana ubuzima bw’asivile baharurwa  mu majana mur’uyu mwaka..  

from Voice of America http://ift.tt/2vXTBL7
via IFTTT

No comments:

Post a Comment