RDC: Ikigega ca Reta Kirabangamiwe no Kurya Ibiturire

Ishirahamwe ridaharanira inyungu za Politike, Global Witness, rimenyesha ko Igihugu ca Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo catakaje amafaranga angana n’imiliyoni amajana indwi na mirongo itanu z’amadolari y’abanyamerika mu myaka iri hagati y’ibihumbi bibiri na cumi na gatatu n’ibihumbi bibiri na cumi na gatanu bivanye n’ibiturire biri mu gisaga co gucukura ubutare. Iryo shirahamwe rifise icicaro I Londres m’Ubwongereza, mu cegeranyo ryashikirije, rivuga ko ukurya ibiturire, ugutunganya nabi ibijanye no gutoza amatagisi mur’ico gisata, hamwe n’amashirahamwe ya Reta ari muvyo gucukura ubutare anyuruza amafaranga, bituma ico gihugu gitakaza ica gatanu c’amafaranga yokwinjye mu kigega ca Reta. Ico cegeranyo kivuga kandi ko amenshi mur'ayo mafaranga aja m’ubutegetsi bwa Prezida Joseph Kabila, ikiringo ciwe co kurongora Igihugu gisanzwe caraheze, kuva m’ukwezi kw’icumi na kabiri, m’umwaka uheze. Ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu rikaba ritamwemerera gusubira kwitoza.

from Voice of America http://ift.tt/2uS2mJ2
via IFTTT

No comments:

Post a Comment