Uwahoze ari mu Bategeka Al-Shabab Ari mu Bitoza muri Somaliya

Muktar Robow, yigeze kuba ari icegera c’umukuru w’umurwi w’intagondwa z’abayislamu, al-Shabab muri Somaliya ariko arahiganwa mu matora yo mu ntara muri ico gihugu. Uyu yigeze guhayagizwa na Osama bin Laden yayoboye umurwi w’iterabwoba al-Qaida. Abonwa ko afise amahirwe y’ugutsinda amatora yo mu ntara azoba mu kwezi kuza. Robow ntatinya kuvuga ku mugaragaro ukugene yitandukanije n’intagondwa z’umurwi al-Shabab. Amenyesha ko atemera ivyiyumviro vy’uwo murwi bitisunga idini rya kiyislamu. Avuga ko yinyegeje mu bwoko bwiwe ku mpamvu z’umutekano kubera umurwi al-Shabab wariko urondera kumwica. Muri iki gihe Muktar Robow ariko arondera kuyobora intara y’amavuko yiwe iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Somaliya. Ivyo naho Reta itabishaka. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati butangaza ko atarekuriwe kwitoza kubera ibihano amakungu yamufatiye bikibandanya. Gushika mu bihe vya vuba, yari agikwirikiranwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Amerika yari yemereye agashimwe k’imiliyoni 5 y’amadolari k’uwo ari we wese yari gutanga amakuru yari gutuma afatwa.  

from Voice of America https://ift.tt/2JpAqAZ
via IFTTT

No comments:

Post a Comment