USA: Baribuka Abishwe mw'Isinagogi y'Abayahudi

Amabendera ku nyubakwa za reta muri Reta zunze ubumwe z’Amerika mu gihugu cose azomanurwa gushika hagati mu misi itatu iri imbere mu kwibuka abasize ubuzima mu gitero cahitanye abantu 11 kw’isinagogi y’abayahudi mu gisagara Pittsburgh. Perezida Donald Trump yategetse ko ayo mabendera amanurwa gushika hagati no kuri ambasade z’Amerika mu makungu, ku bigo vya gisirikare hamwe no ku mato bwa gisirikare. Abategetsi mu gisagara Pittsburgh bavuga ko ivyabaye muri iyo sinagogi yitwa Tree of Life ari “Urwanko rw’akazikira”, kandi ko uwabikoze Robert Bowers w’imyaka 46 yateye akamo akoresheje amajambo artyoza abayahudi mu gihe yariko ararasa. Abategetsi b’ibihugu bitandukanye kw’isi baraneguye ico gitero, bise ko ari igitutsi ku kiremwa muntu.

from Voice of America https://ift.tt/2z9xUdf
via IFTTT

No comments:

Post a Comment