ONU: Imiriyoni 14 z'Abanyagihugu muri Yemeni Bugarijwe n'Inzara

Umuyobozi w’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe imfashanyo, ejo kuwa kabiri yagabishije ko abatanga imfashanyo bariko barananirwa kurwanya inzara muri Yemeni kandi ko imiriyoni 14 z’abanyagihugu bashobora kubangamirwa n’inzara. Mark Lowcock yabibwiye inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi. Muri iki gihe, ONU hamwe n’amashirahamwe bafashanya afasha abanyagihugu bashika imiriyoni umunani buri mwaka mu bice vya Yemeni bibangamiwe kuruta ibindi. Ni ibikorwa vyo gutanga imfashanyo bitwaye amafaranga menshi kw’isi yose, mu gihe imiriyaridi zitatu z’amadolari ari zo zitegekanijwe gukoreshwa uyu mwaka, muri yo ONU imaze kuronka imiriyaridi zibiri zatanzwe n’abayifasha. Uwo mutegetsi ajejwe imfashanyo yavuze ko ibintu bishobora kumera nabi kuruta mu gihe abakeneye gufashwa bobandanya biyongera. Ibitero vy’inteko mpuzamakungu zirongowe na Arabiya Sawudite kubarwanya reta ya Yemeni vyatanguye mu kwezi kwa gatatu 2015. Kuva ico gihe, ONU igereranya ko abanyagihugu barenga ibihumbi cumi bamaze kwicwa, benshi kubw’ibitero vy’indege.

from Voice of America https://ift.tt/2R7HW5W
via IFTTT

No comments:

Post a Comment