Jair Bolsonaro Yatsinze Amatora muri Brezil

Umushingamateka Jair Bolsonaro niwe yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu muri Brezil, ibituma haba amakenga y’uko ibijanye n’uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro hamwe n’agateka ka muntu bishobora gusubira inyuma. Inyuma yo guharura amajwi yose, Bolsonaro wo mu mugambwe Social Liberal Party yatsinze ku majwi 56 kw’ijana muri ayo matora y’igice ca kabiri yabaye ejo kuw’imana. Uwo bahiganwa, Fernando Haddad wo mu mugambwe w’abakozi, Workers Party, aronka amajwi 44 kw’ijana. Bolsonaro yahoze ari umusirikare, akunda kwiyita ko atandukanye n’abandi kuko atari mu kagwi k’abaharanira inyungu za poritike. Yari amaze imyaka 27 mu nama nshingamateka ya Brezil. Bolsonaro yiyamamaje avuga ko azohindura ibitari bike, yiyita umukandida w’amategeko, azoshira ibintu ku murongo mwiza kandi azoha igiporisi ubwigenge bwo guhangana n’abicanyi.

from Voice of America https://ift.tt/2D7eCK9
via IFTTT

No comments:

Post a Comment