RDC: Abatavuga Rumwe na Reta Bazokwunga Urunani mu Matora

Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo ejo kuwa kane yaremeranije kwiyunga bagashikiriza umukandi umwe azohiganwa n’uwagenwe na perezida Joseph Kabila mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kabiri. Mu rwandiko bashikirije inyuma y’ibiganiro bamazemwo imisi ibiri i Johannesburg, muri Afrika y’epfo, iyo migambwe yavuze ko yemeje kuzogena umukandida umwe imbere y’uko bongera guhura hatarenze itariki 15 z’ukwezi kwa cumi na kumwe. Ibihugu vyo mu burengero bw’isi biriko birakurikiranira hafi imyiteguro y’ayo matora muri ico gihugu kiriko kiragerageza ubwa mbere guhererekanya ubutegetsi mu mahoro kuva cikuyeko intwaro y’Ububirigi mu mwaka w’1960. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi barongeye kandi kwiyemeza ko bazokwitabira ayo matora, basaba abategetsi barongoye umurwi w’amatora gutunganya amatora yizigiwe na bose kandi arimwo umwidegemvyo. Basaba kandi gukuraho imashini zaguzwe ngo zizokoreshwe mu matora, kuko ngo zizofasha mu busuma bwo kwiba amajwi. Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi itegekanya kuri uyu wa gatanu ku murwa mukuru Kinshasa kugira imyiyerekano kugira basabe ko izo mashini zikurwaho.

from Voice of America https://ift.tt/2qbfsgf
via IFTTT

No comments:

Post a Comment