Siriya: Umunyamakuru w'Umuyapani Jumpei Yasuda Aridegemvya

Umumenyeshamakuru w’umuyapani yikorera ku giti ciwe ari mu nzira atahuka mu gihugu ciwe inyuma y’imyaka irenga itatu yari amaze yaranyurujwe muri Siriya. Abategetsi b’Ubuyapani i Tokyo baremeje ko uwo mugabo w’imyaka 44, Jumpei Yasuda yinjiye mu biro bijejwe abinjira n’abasohoka mu gisagara ca Antakya mu bumabuko bwa Turukiya. Nta makuru y’ingene yarekuwe aramenyekana, ariko umuvugizi wa reta y’Ubuyapani yavuze ko ibihugu vya Qatar na Turukiya vyafashije kugira arekurwe. Abarwanyi begamiye umuhari w’iterabwoba Al-Qaida muri Siriya ni bo bakekwa kuba baranyuruje uwo muyapani Yasuda acinjira muri Siriya muri 2015 gukurikirana amakuru y’intambara.

from Voice of America https://ift.tt/2q8KV2L
via IFTTT

No comments:

Post a Comment