Perezida Salva Kiir Yarekuye Imbohe za Poritike

Perezida Salva Kiir wa Sudani y’ubumanuko yarasavye imbabazi abanyagihugu arongoye ku musi wa gatatu kubw’intambara yamaze imyaka itanu hamwe n’ingaruka yateye, yongera atangaza ifungurwa rya James Gatdet yahoze ari umuvugizi wa Riek Machar kandi yari yaciriwe urwo gupfa. Uwundi Kiir yemeye gufungura ni umunya Afrika y’epfo, William John Endley, yahoze ari umuhanuzi wa Machar mu vyo umutekano, na we yari yaciriwe urwo gupfa yagirizwa gusuma urusaku mu gihugu. Ivyo perezida Kiir yabitangarije i Juba ahari hakoraniye isinzi ry’abanyagihugu ku cibutso c'intatemwa ya John Garang bahimbaza isinywa ry’amasezerano y’amahoro yahinyanyuwe mu kwezi guheze. Abakuru b’ibihugu vyo mu karere barimwo perezida wa Sudani Omar al-Bashir, uwa Uganda Yoweri Museveni hamwe na perezida mushasha wa Etiyopiya aheruka gutorwa Sahle Work Zewd bari bitavye ivyo birori. Kiir yasavye abanyagihugu hamwe n’ibisata bijejwe umutekano kwakirana urweze Machar hamwe n’abandi bategetsi batavuga rumwe n’ubutegetsi batahutse mu gihugu.

from Voice of America https://ift.tt/2yITcyQ
via IFTTT

No comments:

Post a Comment