ONU Isaba Irani Gukuraho Igihano co Kwica Abana

Umuhinga yigenga wa ONU mu vyo uburenganzira bwa kiremwa muri Irani yahanuye Irani ejo kuwa gatatu gukuraho igihano co gupfa ku bana bakiri bato. Umuhinga Javaid Rehman, asaba abategetsi ba Irani gukuraho igihano co gupfa ku bana hamwe n’ubundi bwicanyi bukorerwa abana kugira bisunge amategeko mpuzamakungu, Ivyo yabibwiye akanama ka ONU kajejwe uburenganzira bwa muntu. Rehman yavuze ko abana batanu baciriwe urubanza bagirizwa kwica abantu bose barishwe muri Irani uyu mwaka. Reta ya Irani ivuga ko yashizeho umurwi ujejwe gukingira uburengenzira bw’abana hamwe n’imiyabaga, ariko Rehman abasaba kuremera reta igakuraho igihano co gupfa.

from Voice of America https://ift.tt/2ReBKt3
via IFTTT

No comments:

Post a Comment