Misiyoneri w'Umunyamerika Yiciwe muri Kameruni

Umumisiyoneri w’umunyamerika yarishwe arashwe ari mu modoka yiwe ejo ku wa kabiri muri Kameruni igihe abasirikare ba reta bariko bararasana n’abavuga icongereza bagomba kwiyonkora ku gihugu. Charles Wesco, yamuka muri reta ya Indiana, yapfiriye mu bitaro vyo mu gisagara ca Bamenda mu buraruko bushira uburengero bwa Kameruni ariko aravurwa igikomere c’aho yarashwe mu mutwe. Ubushikiranganji bw'imigenderanire n'ayandi bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bwemeje urupfu rwa Wesco ariko bwirinze kuvuga ibirenze ivyo mu kwubahiriza umuryango wiwe uri mu bihe bigoye. Ntibiramenyekana uruhande rwarashe imodoka yiwe, ko yoba yararonderwa canke ko yishwe n’amasasu yigenza. Bivugwa ko Wesco yari amaze indwi nke ari muri Kameruni.

from Voice of America https://ift.tt/2Jqzyfa
via IFTTT

No comments:

Post a Comment