Canada Izokwirukana Abimukira 10.000 Buri Mwaka

Abategetsi bakorera ku mbibe za Canada bategekanya kwongereza ibitigiri vy’abimukira batagira ivyangombwa birukanwa gushika ku bihumbi cumi ku mwaka. Abo barimwo abatabashije guhabwa ubuhungiro, abarondera ubuhungiro ariko abategetsi babona ko ari intambamyi ku mutekano w’igihugu. Umuvugizi w’igisata gicungera imbibe yashikirije ko Canada yamwe yakira abimukira benshi hamwe n’abasaba ubuhungiro, ariko ko iki gihe hakwiye gukurikizwa amategeko. Abimukira bashika ku bihumbi 18 ni bo bari ku rutonde rw’abirukanwa, 5300 bakurikiranwa n’ubutungane, bisigura ko ata cizere ko bazoguma muri ico gihugu. Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau yashikirije kuri uyu wa gatatu ko bariko baratunganya neza igisata kijejwe abasohoka n’abinjira mu gihugu kugira ibikorwa bikorwe vyihuta. Benshi muri abo basaba ubuhungiro muri Canada bamuka muri Kolombiya, Eritreya, Haiti, Nicaragua, na Turukiya.

from Voice of America https://ift.tt/2yMv4vg
via IFTTT

No comments:

Post a Comment