USA: Igisirikare Kizoja Gutangira Abimukira Bagana Amerika

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika butegekanya kurungika abasirikare baharurwa mu majana ku rubibe rwo mu bumanuko. Ni inyuma y’aho Perezida Donald Trump ejo ku wa kane avugiye ko ashobora kwikora ku basirikare kugira ahagarike isinzi ry’abimukira bava muri Amerika yo hagati bashaka kwinjira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Umutegetsi wa reta atashimye ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwaronse urwandiko rwarungitswe n’ubushikiranganji bw’umutekano mu gihugu rusaba abasirikare baja gufasha abasanzwe bacungera imbibe. Abasirikare ibihumbi bibiri bajejwe gufasha mu gihugu hagati baramaze kurungikwa muri ako karere. Perezida Trump yavuze ko kubona abo bimukira, baza bariko baregereza urubibe rwa Reta zunze ubumwe z’Amerika, bisigura ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe.

from Voice of America https://ift.tt/2RfcmU0
via IFTTT

No comments:

Post a Comment