Malala Azohabwa Agashimwe na Kaminuza Harvard

Malala Yousafzai yahawe agashimwe kitiriwe Gleitsman gatangwa na kaminuza Harvard University yo muri Reta zunze ubumwe z'Amerika ku bikorwa yakoze vyo guteza imbere inyigisho z’abana b'abakobwa. Kaminuza Harvard ivuga ko Yousafzai azogahabwa ako gashimwe k’uyu mwaka wa 2018 mu birori bizotunganwa mu kwezi kwa cumi na kabiri. Yousafzai yabaye umuntu muto mu myaka yatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel mu mwaka wa 2014, igihe yashimirwa ku bikorwa yakoze vyo gufasha guhimiriza abana bose ngo baje mu mashure. Igihe yari umuyabaga muri Pakistan, Malala yararokotse agira agandagurwe n’abatalibani. Mu nyuma yaciye ashinga ishirahamwe ridaharanira inyungu ritororokanya amafaranga yo gufasha igikorwa ciwe. Abategetsi ba kaminuza Harvard bavuga ko intahe ziwe zatumye urunganwe rwiwe rw’abahungu n’abakobwa bamwigana mu vyo akora. Yousafzai ubu afise imyaka 20, yiga kuri kaminuza ya Oxford mu Bwongereza. Agashimwe “Gleitsman” gaciye ibihumbi 125 vy’amadolari, gahabwa abateje imbere ubuzima bw’abantu kw’isi.

from Voice of America https://ift.tt/2JtMYXY
via IFTTT

No comments:

Post a Comment