Perezida Trump Yaragendeye Isinagogi Yiciwemwo Abayahudi

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump hamwe n’umutambukanyi wiwe Melania Trump baragendeye isinagogi y'abayahudi “Tree of Life” mu gisagara Pittsburgh muri reta ya Pennsylvania, aho umugabo yitwaje inkoho yishe abantu 11 bari mu masengesho yo kw’isabato ku musi wa gatandatu. Umukwe wa Trump, Jared Kushner hamwe n’umukobwa wiwe Ivanka Trump asanzwe yariyunze n’idini y’abayahudi igihe bubakana, bari baherekeje perezida. Abantu isinzi batashaka ko Trump agendera ico gisagara bari mu myiyerekano mu mabarabara hafi y’iyo sinagogi. Abo hamwe na bamwe mu banyeporitike ndetse n’indongozi z’abayahudi, bashaka ko Trump atagendera ico gisagara mu gihe yagirizwa gushikiriza amajambo ashemagiza ashira imbere ubwoko bw'abazungu bera. Umukuru w’igisagara ca Pittsburgh William Peduto, umudemokrate, nawe yashikirje ko Trump atari akwiye kugendera ico gisagara mu gihe imiryango yabuze yariko irashingura ababo. Robert Bowers, w’imyaka 46 y’amavuko yagirizwa kugaba ico gitero, yarengukishijwe imbere y’ubutungane ku musi wa mbere.

from Voice of America https://ift.tt/2zffZSl
via IFTTT

No comments:

Post a Comment