Amashirahamwe Yigenga Ntabona Rumwe Umuti w'Amatati y'Abarundi

Imirwi y’amashirahamwe yigenga n’abandi Barundi badaharanira ivyicaro vya politike bahora kubonana n’umuhuza I Arusha muri Tanzaniya ntibahuriza kuri Reta yojaho kugira ivane mu nzira  indyana za politike ziri mu Burundi. Uruhande rumwe rushira imbere ishirwaho ya  Reta mfatakibanza canke y’ubumwe yumvikanyweko n’impande zose zegwa n’amatati, urundi narwo rukabona ko inzego zova mu matora yo mu mwaka w’2020 ari zo zotuma izo nryane zihera. Naho abo baserukira amashirahamwe yigenga, abakenyezi, urwaruka, amashengero n’ibimenyeshamakuru mu mishikirano bari bamaze iminnsi bagirana n'umuhuza mu matati y'Abarundii Arusha batashoboye kwumvikana ku rwego canke Reta izoshira mu ngiro ibizofundikwa, bose barahurije ku rwandiko rwerekana uko ibintu vyifashe mu Burundi. Imibonano imirwi y’amashirahamwe yigenga n’abandi barundi badaharanira ivyicaro vya politike batanguye ku wa gatandatu n'umuhuza Benjamin Mkapa yasozerewe kuwa mbere. Bitegekanijwe ko ivyo bashikirije vyose bifatirwako mu biganiro bihuza abanyepolitike bitangura kuri uno wa gatatu ata gihindutse.        

from Voice of America https://ift.tt/2CxAPzP
via IFTTT

No comments:

Post a Comment