USA: Abasirikare 5.200 Barungitswe ku Rubibe Gutangira Abimukira

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika buriko burarungika abasirikare 5,200 ku rubibe Amerika ihana na Mexike gufasha abahasanzwe guhangana n’isinzi ry’abimukira bava muri Honduras berekeza muri Amerika. Jenerali Terrence O'Shaughnessy arongoye inteko z’Amerika zikorera mu buraruko yabwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere ko "umutekano ku rubibe ari umutekano ku gihugu”. Yashikirije ko abasirikare 5,200 bazokwiyongera ku bandi bababa 2,100 basanzwe bari ku rubibe. Komiseri Kevin McAleenan ajejwe duwane no gucungera imbibe yashikirije ko abimukira bashika ku 3,500 b’abagabo, abagore hamwe n’abana bari muri Mexike begereza buhoro ku rubibe rwa Reta zunze ubumwe z’Amerika. Uwundi murwi w’abimukira bashika ku 3,000 ku musi wa mungu niho bashika ku rubibe Guatemala gihana na Mexike bagamije guhamvya uwo wundi murwi munini. Perezida Donald Trump mu butumwa yashikirije ku rubuga rwa Twitter kuri uyu wa mbere, yavuze ko Amerika igiye guterwa kandi ko abasirikare bameze magabo.

from Voice of America https://ift.tt/2CPPDtJ
via IFTTT

No comments:

Post a Comment