Icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku kuntu ibintu vyifashe muri Republika iharanira demokarasi ya Congo, cashikirijwe kw’itariki 17 y’ukwezi kw’umunani akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi, cerekana isano hagati y’uruhagarara rumaze imyaka ibiri mu Burundi n’ikibazo c’umutekano mu buseruko bwa Congo. Abahinga b’ishirahamwe ONU bavuga kw’ikiyaya ca Rusizi n’inkengera z’ikiyaga Tanganyika bibandanya kuba ibibanza imirwi yitwaje ibirwanisho ikoreramwo, kandi hari ihanahana ry’ibirwanisho. Mu gihe ico cegeranyo ca ONU gishimikira ku kuntu umutekano wifashe muri Congo, abatunganije ico cegeranyo baradoma urutoki kandi imirwi yitwaje ibirwanisho ikorera mur' ico gihugu, hamwe rw’ibirwanisho biva mu bihugu bibanyi vya Congo. Ico cegeranyo gitanga akarorero ku rubibe hagati ya Congo n’Uburundi; igihugu kimaze ikiringo kirenga imyaka ibiri mu ruhagarara. Umurwi w’abahinga ba ONU wasanze hari imirwi itatu irwanya ubutegetsi mu Burundi iri mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko ikorana n’iimirwi y’abarwanyi bo muri Congo nk’aba Mai-Mai n’iyindi mirwi yo mur' ako karere. Abo bahinga batangaza kw’iyo mirwi ar' iya FNL-Nzabampema, Red-Tabara na Forebu. Bamenyesha kw’iyo mirwi ikorera mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko, aho ikorana n’imirwi y’aba Mai-Mai bo muri Congo. Urubibe hagati ya Congo n’Uburundi ntirukingiwe neza. Abahinga ba ONU bavuga kw'ibigwanisho bihanahanwa hagati ya Congo n’Uburundi. Abo bahinga batangaza kw’ivyo birwanisho biva mu Burundi bicishijwe kw’ibarabara rihuza Bujumbura na Uvira, bigatahira mu minwe y’aba Mai-Mai. Bavuga kw’ivyo birwanisho birungikwa n’abasirikare b’Uburundi. Abahinga ba ONU batangaza ko basavye amakuru Reta y’Uburundi yerekeye urrwo ruja n'uruza rw’ibirwanisho. Yamara ko gushika ubu Reta y’Uburundi itarishura.
from Voice of America http://ift.tt/2uMVTQh
via IFTTT
No comments:
Post a Comment