Perezida Donald Trump avuga ko atariko arihuta mu kurondera gushika ku masezerano na Koreya ya ruguru no gukuraho ibihano. Ivyo Trump yabivugiye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru muri White House ejo kuwa gatatu. Trump avuga ko we yipfuza ko ibihano bivanwaho ariko yongeyeko ko bizova ku nyifato ya Koreya ya ruguru. Yabwiye abamenyeshamakuru ko yakoze ibitari bike na Koreya ya ruguru kurusha abamutanguriye kandi ko ategekanya uwundi mubonano na Kim Jong Un mu ntango z’umwaka uza. Trump yabivuze inyuma y’uko umubonano wari utegekanijwe kuri uyu wa kane hagati y’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Mike Pompeo hamwe n’umuhanuzi mukuru wa Kim ari we Kim Yong Chol usibirijwe. Ibi biganiro vyari kubera i New York vyabonwa na benshi ko kari akaryo ku gutegura uyundi mubonano hagati ya Trump na Kim. Umubonano wa mbere bagiranye wabereye muri Singapore mu kwezi kwa gatandatu.
from Voice of America https://ift.tt/2FbnDna
via IFTTT
No comments:
Post a Comment