Izinga rya Madagascar riratora kuri uyu wa gatatu, amatora arimwo abahoze ari abakuru b’ico gihugu bane bari muri 36 bagomba guharanira ikibanza c’umukuru w’igihugu. Kubwo abakurikiranira hafi ivy’amatora, iri ni ihiganwa hagati ya batatu bahoze ari abakuru b’ico gihugu: Umugwizatunga mu gisata c’amata Marc Ravalomanana; umugabo yatembagaje ubutegetsi bwiwe muri 2009, umugwizatunga mu gisata co kumenyesha amakuru n’umukuru w’igisagara ca Antananarivo, Andry Rajoelina; hamwe n’umugabo yamusubiriye ariko mu nyuma aza gutanga imihoho mu kwezi kw’indwi kugira abashe kwitoza. Mu gihe ata mu kandida yoshikana amajwi 50 kw’ijana hamwe n’ijwi rimwe mu matora yo kuri uyu wa gatatu, babiri ba mbere bazoca bongera guhiganwe mu gice ca kabiri kw’itariki 19 z’ukwezi kwa cumi na kabiri. Ariko abasesanguzi bavuga ko bigaragara ko hazoba igice ca kabiri, kandi ko ibibazo bihanze ico gihugu ari vyo ubukene, kwivuza, ubukene bw’amabarabara yononekanye n’inyubakwa zishaje, guhonyanga agateka ka muntu bizobandanya ku wuzotsinda wese.
from Voice of America https://ift.tt/2F4wlmX
via IFTTT
No comments:
Post a Comment