Imiriro y’inkazi yarabandanije itongora muri Reta ya California muri Reta zunze ubumwe z’Amerika ku musi w’Imana. Abantu 23 gushika ubu ni bo bamaze kumenyekana ko bapfuye kandi ivyo bitigiri birashobora kurenga mu gihe abatabara babandanya gushika mu bice vyahiye biratokombera. Ibihumbi vy’abanyagihugu barahunze batwara ivyo bashoboye guhungisha. Abategetsi bavuga ko iyo miriro imaze kurwanywa ku bice 20 kw’ijana gusa mu gihe abandi bavuga ko ari ibice 5 kw’ijana gusa. Iyo miriro yadutse mu bumanuko hamwe no mu buraruko bwa Reta ya California yatanguye ku musi wa kane, yunyurwa n’ubugarwagwa hamwe n’umuyaga mwinshi. Abategetsi bavuze ko iyo miriro ari yo yasambuye ibintu vyinshi muri kahise k’iyo reta, kandi ibaye iyigira gatatu yishe abantu benshi.
from Voice of America https://ift.tt/2DjfElc
via IFTTT
No comments:
Post a Comment