Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump amenyesha ko sekreteri wiwe wo kwivuna abansi, Jim Mattis ashobora kuba uwundi mutegetsi akomeye agiye kuva muri reta yiwe. Mu kiganiro yahaye ejo kuw’Imana Televiziyo CBS yo muri Amerika, Trump yavuze ko sekreteri Mattis akekwa ko ari umudemokrate n’aho avuga kandi ko ata vyemeza abifitiye. Perezida Trump, mu mezi 21 amaze ku butegetsi, yirukanye abategetsi barenga cumi muri reta yiwe, abandi batanze imihoho ku bushake bwabo, barimwo ambasaderi aserukira Amerika muri ONU, Nikki Haley, mu ndwi iheze yashikirije ko azosezera ayo mabanga mu mpera z’uyu mwaka wa 2018. Mattis, yarakunze kudahuza na Perezida Trump hamwe n’abategetsi bo muri reta yiwe, barimwo umuhanuzi wiwe ajejwe umutekano mu gihugu, John Bolton. Trump yashikirije ko “abantu bamwe” bo muri reta yiwe batamushimisha. Yarigeze kuba anegura sekreteri w’ubutungane, Jeff Sessions ariko arananirwa kumukura muri reta atinya ko yoboneka ko agomba kuburizamwo amatohoza agamije kumenya nimba Trump yarakoranye n’Uburusiya mu myiyamamazo y’amatora yo muri 2016 yamushika ku butegetsi.
from Voice of America https://ift.tt/2Pz6owO
via IFTTT
No comments:
Post a Comment