Umupasitori w’Umunyamerika Andrew Brunson, inyuma y’aho arekuriwe na reta ya Turukiya aho yari amaze imyaka ibiri apfunzwe, ku musi wa gatandatu yaragendeye Perezida Donald Trump aramusengera amusabira kugira ubwenge budasanzwe. Andrew Brunson, avuga ko ashimira reta ya Trump kubona yarasunitse Turukiya agashobora kurekurwa. Irekurwa rya Brunson rirangije icuka kibi cari caratumye imigenderanire hagati ya Washington na Ankara itosekara. Brunson yari yaciriwe gufungwa imyaka 35, inyuma yo kwagirizwa ivyaha vy’iterabwoba no gusuma urusaku muri Turukiya, ivyaha Amerika yavuze ko ata shingiro bigira. Brunson yabaye muri Turukiya kuva mu mwaka w’1990, arongoye ishengero ryamamaza ubutumwa bwiza. Iryo shengero yashinze muri Turukiya ni naryo icegera c’umukuru w’igihugu Mike Pence na Pompeo basanzwe basengeramwo muri Amerika.
from Voice of America https://ift.tt/2OrAaHe
via IFTTT
No comments:
Post a Comment