Abanyeliberiya Biriwe Barigina Intsinzi ya Georges Weah

Abanyeliberiya bahimbaje uno musi ku wa gatanu, intsinzi  ya George Weah, mu matora y'umukuru w'igihugu y'uno wa kane. George Weah, w' imyaka 51, yatahukanye intsinzi y'amajwi agera kuri 60,5 kw'ijana,mugihe uwo bahiganwa, Joseph Boakai w'imyaka 73, yari asanzwe ari  icegera c’umukuru w’igihugu, yatsinzwe afise amajwi agera kuri  38,5 kw'ijana . Weah yatsinze intara cumi na zine ku ntara cumi na zitanu zigize Liberiya. Abicishije ku rubuga rwiwe rwa twitter, Georges Weah, yijeje impinduka muri Liberiya.  George Weah,agiye gusubirira Perezida  Ellen John Sirleaf,umukenyezi  yaramutswa Liberiya kuva mu mwaka w’i 2006. Georges Weah, yatanguye politike inyuma yuko ahagaritse gukina umupira w’amaguru mu mwaka w’i 2002.  

from Voice of America http://ift.tt/2CkkR9X
via IFTTT

No comments:

Post a Comment