Abanyamerika 10 Bapfiriye mw'Isanganya y'Indege muri Costa Rica

Abanyamerika 10 hamwe n’abadereva b’indege babiri barapfuye kur’uyu w’Imana mw’isanganya ry’indege ntoya barimwo ryabereye mu misozi yo mu burengero bw’igisagara San Jose, muri Costa Rica.   Abategetsi ba Costa Rica bavuga ko iyo ndege yitwa Nature Air yahiye iratokombera, nta n’umwe yarokotse, abarimwo bose barahiye nabi cane. Perezida wa Costa Rica, Luis Guillermo Solis yatangaje ko reta yiwe ibabajwe cane n’abapfuye.

from Voice of America http://ift.tt/2luJObQ
via IFTTT

No comments:

Post a Comment