Kenya: Impanuka ya Bisi Yahitanye Abantu 30

Isanganya y’ibisi yabareye hagati mu gihugu ca Kenya mu gitondo co ku musi w’Imana yahitanye abantu mirongo itatu na batandatu, abandi cumi n’umwe barakomereka. Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, AFP, rimenyesha kw’iyo mpanuka yabereye kw’ibaharabara rukuru riri hagati ya Nakuru na Eldoret igihe bisi yari ivuye ahitwa Busia yasekana n’ikamyo yari ivuye mu gisagara ca Nakuru. Abantu barenga ijana barapfiriye kur’ico gice c’iryo barabara mu kwezi kw’icumi na kabiri kwonyene. Ivyo bitangazwa n’igipolisi. Ku bw’ikinyamakuru c’igihugu ca Kenya, The Star, iyo bisi ntiyari mu nzira yayo kw’ibarabara igihe iyo mpanuka yaba.    

from Voice of America http://ift.tt/2q5iRjA
via IFTTT

No comments:

Post a Comment