RDC: Abantu 2 Bishwe mu Myiyerekano y'Ukwiyamiriza Perezida Kabila

Abasivile babiri bishwe igihe haba uruhagarara imbere y’imyiyerekano yari itegekanijwe muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo uno musi ku w’Imana. Igipoilisi carashe insoro z’ukuri, gikoresha n’imyuka ibabaza mu maso ku bantu bari mw’isengero ry’abakatolika. Cahagaritse abantu bari bakoraniye mur’iryo sengero kugira biyamirize Perezida Joseph Kabila. Ida Sawyer, umuyobozi mu karere ko muri Afrika yo hagati w’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu yatangaje kw’abantu babiri biciwe hanze y‘iryo sengero. Itirorokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, Agence France Presse ryamenyesheje kw’umupolisi n’umukangana bishwe mu bice biri ku nkengera z’umurwa mukuru, Kinshasa.  

from Voice of America http://ift.tt/2En5BtP
via IFTTT

No comments:

Post a Comment