Irani: Perezida Rohani Arashigikiye Abamunegura mu Mahoro

Umukuru w’igihugu ca Irani Hassan Rohani yemeye kur’uyu w’Imana ko igihugu ciwe kibwirizwa kwemerera abanyagihugu gushikiriza ivyo banegura. N’inyuma y’imyiyerekano imaze imisi ine aho abantu 2 bamaze gupfa abandi baharurwa mu majana barafatwa n’igipolisi. Perezida Rohani yaramiriye kure abica n’abasambura ibikoresho rusangi. Ni mu gihe yashikiriza ijambo rya mbere kur’iyo myiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bwiwe n’ubuzima buzimvye yabereye mu bisagara bitari bike muri Irani. Imigumuko yiyamiriza ubutegetsi muri Irani yatanguye kuva mu mwaka wa 2009, aho perezida Mahmoud Ahmadinejad yahoze arongoye ico gihugu yongera gutorerwa ikiringo ca kabiri. Imigumuko yaburijwemwo n’ubutegetsi bikomeye cane. Mu migumuko yo kur’uyu w’Imana, yitabwe n'abanyeshure baharurwa mu majana bo muri kaminuza y’I Teheran yarigamije gushigikira ubutegetsi ariko nabo bariyamirije ibiturire birangwa muri Irani hamwe n’ubuzima buzimvye.

from Voice of America http://ift.tt/2CxUFZR
via IFTTT

No comments:

Post a Comment