Igitero c'Umwiyahuzi Cahitanye mu Buraruko bwa Kameruni

Umusivile yishwe, abandi mirongo ibiri n’umunani barakomereka mu gitero c’umwiyahuzi cabaye ku musi w’Imana mu mihana y’ahitwa Bia hafi ya Kolofata mu ntara iri mu buraruko bw’igihugu ca Cameroun. Iyo ntara ikunda kuberamwo ibitero vy’umurwi w’intagondwa z’abayislamu, Boko Haram. Ababonye ivyabaye babiajiwe n’itororkanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, kw’itelefone, batangaje kw’umupfasoni yari afise bombe yayiturikije mu kibanza abantu bafunguriramwo mu mihana y’ahitwa Bia. Iyo bombe yahitanye umuntu umwe, ikomeretsa abandi mirongo ibiri n’umunani. Abakomeretse bajanywe mu bitaro vy’ahitwa Mora mu gice ca Mayo-Sava. Ico gice gihana urubibe n’igihugu ca Nigeriya gikunda kuberamwo ibitero vy’abiyahuzi vyagirizwa umurwi Boko Haram.

from Voice of America http://ift.tt/2luXhPU
via IFTTT

No comments:

Post a Comment