Abashika 18 Barishwe n'Umwiyahuzi muri Afuganistani

Umwiyahuzi yiturikijeko bombe kur'uyu w'Imana yica abantu bashika kuri 18 mu gitero cari gitumbereye abantu bari ku maziko y’umukuru wa distrikte yo mu buseruko bwa Afghanistani, mu ntara ya Nangarhar. Nta muhari uriyemerera ko ariwo wagavye ico gitero. Abatalibani bahakanye ko ata ruhara babigizemwo. Ico gitero cabaye mu gihe hari haheze imisi mike habaye ikindi gitero cahitanye abashika 41 gikomeretsa abarenga 80 ku kigo ndangakaranga c’Abayiisilamu bo mu bwoko bw’abashiite ku murwa mukuru Kabul. Ico naco umuhari wa reta ya kiyisilamu waremeye ko ariwo wagikoze.

from Voice of America http://ift.tt/2lB5Wk3
via IFTTT

No comments:

Post a Comment