Umurwi wa ONU Utohoza ku Burundi Wongewe Umwaka

Inama ya ONU ishinzwe kubahiriza agateka ka zina muntu kur’uyu wa gatanu yafashe ingingo yo kwongereza umwaka umwe ikiringo c’umurwi w’abahinga ba ONU ushinzwe gutohoza ku vyaha vyoba vyarakorewe mu Burundi naho ico gihugu kitavyemera. Ico cemezo, categuwe n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya, ushigikiwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika cemejwe n’ibihugu 22, ibihugu 11 birimwo Ubushinwa, Misiri, Afrika y’epfo na Ghana biragihakana, ibindi 14 birimwo Kenya na Kote d’Ivuware vyahisemwo kutagira ico bashikirije. Iyo ngingo y’ako kanama yafashwe mu gihe umusi umwe imbere y’aho urwo rwego nyene rwa ONU rwemeje icemezo ca mbere ku Burundi, cashikirijwe n’umurwi w’ibihugu vya Afrika bifatanije n’Uburundi isaba irungikwa ry’abahinga batatu ba ONU gutohoza ku gateka ka muntu. Abo bahinga batatu bashigikiwe n’ibihugu vya Afrika, bazoba bashinzwe gutororokanya amakuru kw’ihohoterwa ry’ihonyangwa ry’agateka ka muntu mu Burundi. Ariko aho itandukaniye n’umurwi wa ONU nuko basabwa kuzoha ivyo batohoje ubutungane bw’Uburundi nabwo buzoce bukurikirana kumenya ukuri. Ico nico catumye ibihugu vya Burayi bihakana icemezo c’umurwi w’Abanyafrika, bisigura ko ata kuri kuzovamwo. Umurwi utohoza ku Burundi washinzwe mu kwezi kw’icenda 2016, yasavye sentare mpuzamakungu mpanavyaha gutohoza vuba bwango ku guhohotera agateka kazina muntu n’ibindi vyaha bishobora kuba vyarakozwe n’abategetsi b’Uburundi. Uburundi bwashikirije urwandiko CPI ko buvavanuye nayo, iyo nayo ifise gushika kw’itariki ya 27 z’ukwezi kwa cumi 2017 kugira izobe yatanguje amatohoza ku Burundi.

from Voice of America http://ift.tt/2yeEr8k
via IFTTT

No comments:

Post a Comment