Uburundi Buvuga ko Urwanda Rudashakira Ineza Uburundi

Reta y’Uburundi itangaza ko u Rwanda rubandanya kugaragaza ko rudashakira ineza u Burundi. Ivyo vyashikirijwe na Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa reta y’Uburundi, mu kiganiro, abavugizi b’inzego za reta bashikirije abanyagihugu kur’uyu wa gatanu. Ku kibazo c’amatohoza ku vyaha vyoba vyarakozwe mu Burundi, Nzobonariba avuga ko reta yiteguye kwakira abemeye gukorana nayo, abatavyemeye bakazofatwa nk’abaje gukora ivyegeranyo vy’ibinyoma. Ido n’ido ry’ibindi vyashikirijwe mur’ico kiganiro, tubishikirizwa na mugenzi wacu Jean Bosco Ndarurinze.    

from Voice of America http://ift.tt/2xDw6ub
via IFTTT

No comments:

Post a Comment