HCR Irakehaniwe Amahera yo Gufasha Impunzi z'Abarundi

Ishami rya ONU ryitaho impunzi kw’isi HCR ritangaza ko ata buryo bukwiye rifise bwo kubandanya rifasha bihagije impunzi z’Abarundi aho zahungiye mu makambi. Umuvugizi wa HCR, Andrei Mahecic yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ku madolari  y’Abanyamerika agera ku ma miriyoni amajana ane na mirongo ibiri n’icenda ryari ryiteze kuronka ryaronse  ibice 19 kw’ijana gusa yayo. Mahecic agabisha ko ico kibazo kizotuma impunzi zitari nke, zisinzikazwa n’indwara zitandukanye nka Malaria, no gucibwamwo. Biri uko, mu gihe  HCR yemeza ko impunzi z’Abarundi zigera ku bihumbi 88 zitagira  amahema yo kuraramwo, izitari nke nazo  zikarara mu mahema yatabaguritse. HCR imenyesha ko ibice 56 kw’ijana gusa vy’impunzi z’Abarundi zakorewe amabi afatiye ku gitsina ari zo ziriko ziravuzwa bikwiriye kubera ico kibazo c’uburyo buke. Ishami rya ONU riraba ibijanye n’ibifungurwa kw’isi PAM naryo ryugarijwe n’ikibazo c’amikoro make, riheruka kugabanya ibifungurwa ku mpunzi z’Abarundi ku rugero rungana n’ibice 60kw’ijana ku kwezi .  

from Voice of America http://ift.tt/2xGwk1e
via IFTTT

No comments:

Post a Comment