Reta y’igihugu ca Etiyopiya yatangaje uno musi ku wa mbere ko yateye igikumu ku masezeranso y’amahoro n’umurwi w’abarwanya ubutegetsi, “Front National de l’Ogaden”, ONLF, mu mpfunyapfunyo. Uwo murwi woshaka kwiyonkora ku gihugu ukorera mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu. Ayo masezerano arangije umugumuko wari umaze imyaka irenga 30 mu ntara ya Ogaden irwiriyemwo abo mu bwoko bw’abasomali. Umurwi, ONLF washizweho mu mwaka w’i 1984. Usaba ubwigenge kurushiriza bw’intara ya Ogaden, mbere n’ukwiyonkora kuri Etiyopiya. Ayo masezerano yateweko igikumu ku musi w’Imana ku muhingamo ku murwa amukuru wa Eritreya, Asmara. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Etiyopiya, Workneh Gebeyehu, n’icegera ca prezida w’intara ya Ogaden, Mustafa Omer, bahuriye muri ico gisagara n’abaserukira umurwi ONLF. Ayo masezerano azotuma umurwi ONLF uheba urugamba rwa gisirikare mu kwijukira urugamba rwa politike muri Etiyopiya. Kuva umushikiranganji mushasha wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka w’i 2018, mu ngingo yafashe harimwo kurekura abanyororo bapfungiwe impamvu za politike n’ukwumvikana n’imirwi itandukanye irwanya Reta. Mu kwezi kw’umunani, inama nshingamateka ya Etiyopiya yarakuye imirwi yitwaje ibirwanisho itatu, harimwo umurwi, ONLF, ku rutonde rw’imirwi y’iterabwoba. Iyo ngingo yatumye umurwi ONLF uhagarika ingwano.
from Voice of America https://ift.tt/2CYDy6u
via IFTTT
No comments:
Post a Comment