Zimbabwe: Nelson Chamisa Yemeza ko Yatsinze Amatora

Nelson Chamisa, atavugarumwe n’ubutegetsi muri Zimbabwe yavuze ashimitse kuri uyu munsi wa gatanu ko yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu, avuga ko ibiharuro vyatangajwe, birimwo ubusuma, bitubahirije amategeko, bitemewe n’amategeko kandi atari ivyo kwizera. Chamisa yavuze ko yatsinze amatora kandi yiteguye gushinga reta yiwe. Yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, inyuma y’aho Perezida Emmerson Mnangagwa wo mu mugambwe ZANU-PF ashikirijwe ko yatsinze ku majwi 50.8 kw’ijana.  

from Voice of America https://ift.tt/2LND7R3
via IFTTT

No comments:

Post a Comment