Ubwongereza Bwipfuza Kongereza Imitahe muri Afurika

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May yavuze  ko umugambi nyamukuru wiwe ari ugushira imitahe muri Afurika. Theresa May yabitangarije mu rugendo rwiwe rwa mbere muri Afurika rugamije  kurondera amasezerano mashasha yerekeye ubudandaji. Ni mu gihe Ubwongereza buriko bwitegurira kuva mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya. Madamu  May yabwiye abayoboye abikorera utwabo mu gisagara ca Cape Towm mu gihugu ca Afurika  y’Epfo, ko  yipfuza k'umwaka w'i 2022 wogera Ubwongereza arico gihugu ca mbere mu bihugu indwi bitunze  kizoba gifise imitahe myinshi muri Afurika  Theresa May avuga ko ashaka kubona ubutunzi bukomeye mu karere ka Afurika aho amashirahamwe akora imirimo y’ubudandaji y’Ubwongereza ashobora gukorana n’ibihugu vyo muri Afurika. Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, ashaka gushiraho uburyo bushasha bwo gukorana  hagati y’igihugu ciwe n’ibihugu bicuditse muri Afurika, bifatiye kuvyo izo mpande ziri zisangiye ku bijanye n’iterambere n’umutekano. Theresa May, ari muri Afurika y’epfo muri iki gihe, azogendera kandi ibihugu vya Nijeriya na Kenya. Nirwo rugendo rwa mbere agize mu karere ka Afurika kuva abaye umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza mu mwaka w’i 2016.    

from Voice of America https://ift.tt/2LxY5i3
via IFTTT

No comments:

Post a Comment