Ubushinwa Buriko Butegura Inama n'Abategetsi ba Afrika

Ubushinwa buriko butegura inama izobuhuza n’abategetsi n’ibihugu vya Afrika hamwe n’abaserukira abikorera utwabo mu ndwi iza. Akaryo gakomeye Perezida Xi Jinping azoba aronse ko gusigura imigambi yiwe y’iterambere ku mugabane wa Afrika. Ubushinwa bumaze imyaka itanu bwaratanguje imigambi y’inyubako no kwubaka amabarabara hamwe n’iyindi migambi y’ubudandaji bizotwara imiriyaridi ibihumbi bitatu vy’amadolari. Gushika iki gihe, ibihugu bishika kw’icenda ku mugabane wa Afrika biramaze gutera imikono kuri iyo migambi y’inyubako no guca amabarabara n’Ubushinwa mu gihe ibindi mirongo ibiri bikiri mu biganiro. Muri iyi nama, abakwirikiranira hafi ubwo bucuti hagati y’Ubushinwa na Afrika biteze ko ingurane nshasha hamwe n’imigambi mishasha kuri Afrika bizotangazwa kandi bivugwa ko Ubuhinwa buzonebagurwa ku mayeri yabwo yo gutega imitego ibihugu vya Afrika bibufitiye amadeni.  

from Voice of America https://ift.tt/2PTmHVC
via IFTTT

No comments:

Post a Comment