Machar Yemeye Gusinya Amasezerano ya Nyuma y'Amahoro

Uwurwanya ubutegetsi bwa Sudani y’ubumanuko Riek Machar yemeye gusinya amasezerano ya nyuma y’amahoro na reta mu ntumbero yo kurangiza intambara. Ni inyuma y’aho kuri uyu wa kabiri ahakaniye kwemeza ayo masezerano, nkuko vyashikirijwe n’umuhuza wo mur’ico gihugu. Machar na Perezida Salva Kiir bamaze indwi zitari nke mu biganiro vy’amahoro i Khartoum barondera kwumvikana ku mahoro azorangiza intambara, imaze kwica ibihumbi n’ibihumbi, itesha izabo abaharurwa mu miriyoni kuva mu mwaka w’ 2013. Impande zirwana zari zarumvikanye amasezerano atari make, harimwo no guhagarika intambara burundu hamwe no kugabangana ubutegetsi mu kwemerera Machar gusubira mu kibanza ciwe c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

from Voice of America https://ift.tt/2opTw0d
via IFTTT

No comments:

Post a Comment