Abavanywe ku Ntonde Z'Abazokwiyamamaza muri Kongo Bitwaye

Jean-Pierre Bemba, yahoze ayoboye umurwi urwanya ubutegetsi muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo n’abandi banyapolitike hamwe n’umukandida wenye w’umupfasoni bariko bitura ubutungane kubera bakumiwe ku bijanye n’ukuzokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu muri Kongo. Abo bakandida uko ari batandatu bituye sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa hsingiro uno musi ku wa mbere. Bari mu bakandida 25 bakumiwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri Kongo. Bitegekanijwe ko iyo sentare ifata ingingo mu misi 10 iri imbere. Bitegekanijwe ko urutonde ntabanduka rw’abakandida rushikirizwa kw’italiki 19 z’ukwezi kw’icenda, amezi 3 imbere y’amatora ategekanijwe kuba kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na kabiri muri uyu mwaka w’i 2018. Abatavuga rumwe na Reta bafise impungenge ku bijanye n’ibwigenge bwa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora. Bagiriza izo nzego zibiri ko zikwirikiza amabwirizwa y’intwaro ya Prezida Joseph Kabila kugira zikumire abakandida bamwe bamwe. Jean-Pierre Bemba yatangarije kuri televiziyo y’Ubufransa, France 24 ko arindiye kubona ingingo sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro izofata. Uno musi ku wa mbere igitigiri kinini c’abapolisi bari mu kibanza kirimwo inyubakwa ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro.  

from Voice of America https://ift.tt/2NlR7yc
via IFTTT

No comments:

Post a Comment