Abanyafrika Imyaka yo Kubaho Yariyongeye

Ibiro vya ONU bijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS bitangaza ko abantu baba ku mugabane wa Afrika basigaye babaho imyaka myinshi kandi ibijanye n’amagara yabo birushiriza gutera imbere.  Yamara OMS igabisha ko hariho abandi banyafrika imiriyoni n’imiroyoni bakigendana ingwara zikomakomeye. Ivyo vyatangajwe na OMS mu nama I Dakar muri Senegal yahuje abategetsi 47 bo muri Afrika, muri ino ndwi. OMS itangaza ko mu ntango z’iki kinjana, abanyafrika bahora babaho imyaka 44, ihava igenda iriyongera kugeza mu mwaka w’i 2015 aho bagereranya ko umunyafrika yari afise amahirwe yo kubaho imyaka 53 kugeza mu mwaka w’i 2015.    Ubu iyo myaka yo kubaho muri rusangi isigaye yaraduze gushika 61.

from Voice of America https://ift.tt/2wxm4Zi
via IFTTT

No comments:

Post a Comment