Guterres Afise Impungenge ku bitero vya Reta ya Siriya muri Idlib

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yashikirije amakenga ku musi wa gatatu ko ibintu bishobora kumera nabi cane mu ntara ya Idlib muri Siriya mugihe hogabwa ibitero vya gisirikare. Reta ya Perezida Bashar al-Assad, ifashijwe n’Uburusiya, yavuze ko itegekanya guhanagura akarere ka Nusra karimwo abarwanyi. Mu kwezi guheze ako karere karanzwemwo ibitero vy’indege, bituma haba amakenga ko hagira habe nk’ivyabaye mu bisagara vya Aleppo hamwe no mu buseruko bwa Ghouta. Abantu bashika ku miliyoni zitatu baba mu buraruko bushira uburengero bwa Idlib, barimwo abarenga imiliyoni zibiri bahunze bava mu bindi bice vya Siriya. ONU ivuga ko abarenga imiliyoni zibiri bakeneye imfashanyo kandi ko amashirahamwe atanga imfashanyo yiteguye gufasha mugihe vyoyangara. Umunyamabanga mukuru wa ONU ahamagarira reta ya Siriya hamwe n’abayirwanya gushira imbere gukingira abanyagihugu. Reta zunze ubumwe z’Amerika zaragabishije reta ya Assad n’Uburusiya ku bwicanyi bwoba mu gisagara ca Idlib, na cane cane mugihe bohirahira bagakoresha ibirwanisho vy’ubumara.

from Voice of America https://ift.tt/2MB94wk
via IFTTT

No comments:

Post a Comment