Abanyamulenge Barahunga Ibitero vy'Aba Mai-Mai

Abakongomani bo mu bwoko bw’abanyamulenge bagera kuri 39 baraye ijoro rya mbere ryo kuri uyu wa kane imbere y’ibiro vya komine Rugombo y’intara ya Cibitoke. Abo ba Nyamulenge bagizwe n’imiryango umunani babwiye Ijwi ry’Amerika ko bahunga intambara n’ubugizi bwa nabi bavuga ko bagirirwa n’abagwanyi b’aba Mai-Mai mu kubaturirira amazu no kubanyaga ibitungwa. Umunyamabanga wa musitanteri wa komine Rugombo, Niyonzima Ulimwenngu, avuga ko izo mpunzi zaje ziva hakurya ya Rusizi, zishitse ku butaka bw’Uburundi zakirwa kandi zigafashwa. Izo mpunzi zishasha z’abakongomani zisanze mu Burundi izindi zigera ku bihumbi 45.100 nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi kw’isi. Inkuru y'umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerikamu ntara ya Cibitoke Evariste Nzikobanyanka.    

from Voice of America https://ift.tt/2PUF8tm
via IFTTT

No comments:

Post a Comment