Papa Francis Asabwa Gutanga Imihoho

Papa Francis ntiyamera canke ngo ahakane ibiri mw’ikete ririmwo amajambo akomeye yarungitswe n’uwahoze ari intumwa ya Vatikani muri reta zunze ubumwe za amerika, Musenyeri Carlo Maria Vigano. Muri iryo kete yarungikiye mu binyamakuru vya kiliziya katolika, uwo musenyeri ari mukaruhuko k’ubusaza yagiriza Papa Francis  kuba yarahishije ivyaha vy’ubushurashuzi vyagizwe n’umukardinale w’umunyamerika aheruka gutanga imihoho. Muri iryo kete uwo musenyeri Vigano, asaba papa Francis gutanga akarorero keza agatanga imihoho.  Urugendo rwa papa muri Irlande rwaranzwe ahanini n’amakuru atari meza yerekeye umabi afatiye kugitsina yagizwa abayobozi ba kiriziya katolika. Gushika igihe yariko yitegurira gufata indege imusubiza I Roma, abamenyeshamakuru babandanije kumusaba kugira ico avuze ku biri muri iryo kete rya Musenyeri Carlo Maria Vigano. Muri iryo kete ry’impapuro 11 ryarungitswe mu bimenyeshamakuru vy’ishengero katolika, papa Francis yagirizwa kuba yari azi neza kuva kera, ivyagirizo vy’ubushurashuzi vyari biri kuri uwo mucardinale w’umunyamerika Theodore McCarrick.  Ni mugihe hari hari ivyemezo vyerekana neza k’uwo cardinale yashurashuje abana bakiri bato harimwo umwana w’umuhungu w’imyaka cumi n’itandatu. Mu kwezi guheze niho Papa Francis yakira icese ikete ryo gutanga imihoho ryashikirijwe n’uwo mu mucadinale.     

from Voice of America https://ift.tt/2MAEKSK
via IFTTT

No comments:

Post a Comment