EAC: Abakinyi Banwa Imiti Yongereza Inguvu Bigiye Kubagora

Abategetsi bajejwe inkino z’ukunonora imitsi mu gihugu ca Kenya bakiriye neza uno musi ku wa mbere ishirwaho i Nairobi rya “laboratoire ijejwe gupima amaraso y’abanonotsi mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko. Iyo “laboratoire” yemewe n’ibiro mpuzamakungu bijejwe kurwanya imiti yongereza inguvu n’ububangutsi mu buryo butemewe ku banonotsi ivurwa ko ari intambwe ikomeye mu rugamba rw’ukurwanya abanonotsi bakoresha iyo miti. Iyo “laboratoire” bitegekanijwe ko yugururwa mu kwezi kuza izopima abanonosi baturuka amu bihugu vya Kenya, Etiyopiya, Eritreya, Tanzaniya na Uganda. Gushika muri iki gihe amaraso y’abanonotsi baturuka mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko yategezwa kujanwa muri Afrika y’epfo canke i Bulaya kugira asuzumwe muri “laboratoire” yemewe mu kiringo c’amasaha 36. Abategetsi bajejwe ivyerekeye kunonora imitsi muri Kenya bavuga ko muri iki gihe ico gikorwa kizonyaruka kandi kizokworoha kurushiriza. Bemenyesha ko gufata imiti yongereza inguvu n’ububangutsi ku banonotsi mu buryo butarekuriwe bizobagirako ingaruka. Ikibazo c’ugufata imiti yongereza inguvu n’ububangutsi mu buryo butarekuriwe ku banonotsi mu gihugu ca Kenya carakomeye cane kuva mu mwaka w’i 2010.  

from Voice of America https://ift.tt/2MBXtx5
via IFTTT

No comments:

Post a Comment