Uruhara rwa Monusco mu Kurwanya Ebola muri Kongo

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS ritangaza ko mu misi indwi gushika kw’icumi iri imbere izoba itoroshe mu gukurikirana igwirirana rya Ebola mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.   Mu biharuro vya nyuma vyashikirijwe, OMS ivuga ko abantu 111 banduye Ebola, 75 barapfuye.   OMS ivuga ko izobandanya kuhangana na Ebola mu buraruko bw’intara ya Kivu na Ituri hamwe na Oicha, igisagara kigoye kwinjiramwo bivanye n’umutekano muke uharangwa. Umuvugizi wa OMS, Christian Lindmeier avuga ko naho hari imihari irenga 100 irwanira mur’ubwo burere, abajejwe amagara y’abantu barashobora gushika mu bice bipfuza bafashijwe n’abasirikare ba MONUSCO. Abantu barenga ibihumbi bine baramaze guhabwa urucanco rwa Ebola barimwo abakora mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’abana barenga amajana icenda.

from Voice of America https://ift.tt/2PJ0bit
via IFTTT

No comments:

Post a Comment